Abanyeshure 100 muri Afghanistan kwa muganga kubera ubwishaza

Abanyashure babwiwe ko ivyo vyokurya vy'ubwishaza vyari kubafasha gutora ikibazo Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Abanyashure babwiwe ko ivyo vyokurya vy'ubwishaza vyari kubafasha gutora ikibazo

Abanyeshure ijana mu burengero bwa Afghanistan bajanywe kwa muganga bigakwekwa ko bariye ivyo kurya bicafuye.

Ibitaro vy'i Herat bivuga ko amagara yabo atageramiwe, abo bana bakaba bagizwe ahanini n'abahungu bari hagati y'imyaka umunani na cumi n'itanu.

Barwaye bamaze kurya ivyo kurya vyagurishwa n'umuntu yari ku mwango w'ishure, akaba yaciye afatwa.

Igipolisi kivuga ko abo bana babwiwe ko ivyo vyokurya vy'ubwishaza burimwo umunyu, vinegre hamwe n'ipiripiri ngo vyari kubafasha kumenya ikibazo.