Sentare mu Misiri yemeje igihano c'urupfu kuri Badie

Umukuru wa Muslim Brotherhood, Mohammed Badie, arindiriye kunyongwa mu Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru wa Muslim Brotherhood, Mohammed Badie, arindiriye kunyongwa mu Misiri

Sentare yo mu Misiri yemeje igihano c'urupfu c'umukuru w'umuhari Muslim Brotherhood, Mohammed Badie, hamwe n'abandi banywanyi 13 b'uwo muhari.

Bahamwe n'icaho co gushoza ubwicanyi hamwe no guteza akaguma.

Umunye Misiri afise ubwenegihugu bwo muri Amerika, Mohamed Soltan, yakatiwe igipfungo ca burundu ahamwe n'icaha co gushigikira Brotherhood hamwe no gukwiragiza ibihuha.

Ni umuhungu w'umwigisha wa Brotherhood, ari mu bakatiwe urwo gupfa uno munsi.

Amajana y'abanywanyi ba Mulsim Brotherhood bakatiwe urwo gupfa canke gupfungwa burundu kuva aho umukuru w'igihugu Mohamed Morsi akuriwe ku butegetsi mu 2013.