Somalia igabisha Kenya ku ngingo yo kwirukana impunzi

Inkambi ya Dadaab icumbikiye abanye Somalia muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kenya ishaka ko impunzi zishika ibihumbi amajana atanu icumbikiye zoba zasubiye muri Somalia mu mezi atatu

Somalia yagabishije Kenya ko hazoba inkurikizi zikomeye niyashira mu ngiro ingingo yo kwirukana impunzi z'abanye Somalia.

Umushikiranganji wa Somalia ajejwe imigenderanire, Abdisalam Omar, yavuze ko Kenya itigeze imenyesha Somalia ivyerekeye umugambi wayo, akavuga ko udakurikije amategeko.

Leta ya Kenya yahaye ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, amezi atatu ngo ribe ryasubije muri Somalia impunzi zishika igice c'umuriyoni.

Icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto, yavuze ko ONU niyananirwa gutahukana abo banye Somaila, Kenya izovyikorera yo nyene.

Kenya yafashe inyo ngingo nyuma y'iminsi habaye igitero kuri kamunuza muri Kenya, cagabwe n'umugwi Al Shabaab w'abarwanyi bo muri Somalia, kigahitana abantu bashika hafi ijana na mirongo itanu.

Zimwe muri izo mpunzi zimaze imyaka ishika mirongo ibiri ziba mu nkambi ya Dadaab iri mu buseruko bw'igihugu.

Kenya iramaze kwagiriza Al Shabaab kuba yinyegeza muri izo nkambi ikaronderayo abo ishira mu gisirikare cayo.