Papa na Turkiya ntibumvikana ku bwicanyi bw'abanye Armenia

Papa Francis avuga ko guhakana ko ubwicanyi bw'abanye Armenia ari jenoside, ari nko kunanirwa kuvura inguma Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Papa Francis avuga ko guhakana ko ubwicanyi bw'abanye Armenia ari jenoside, ari nko kunanirwa kuvura inguma

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Turkiya buvuga ko bwahamagaje uwuserukiye Vatikano i Ankara.

Bibaye nyuma y'aho umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, avugiye ku mugaragaro ko ubwicanyi bw'abanye Armania mu gihe c'ubutegetsi bw'aba Ottoman haciye imyaka ijana, yari jenoside ya mbere y'ikinjana ca 20.

Aho yafata ijambo mu nkuka y'imisa yo kwibuka imyaka ijana iheze ubwo bwicanyi bubaye, Papa Francis yavuze ko guhakana ico kibi ari nko kunanirwa kuvura inguma.

Turkiya ivuga ko ubwo bwicanyi yari intambara yo mu gihugu hagati, yatejwe n'ivyabaye mu ntambara ya mbere y'isi.

Ico gihugu carigeze kandi kwiyamiriza Papa, haciye imyaka ibiri, igihe yavuze ko ubwo bwicanyi yari jenoside, avuga ubwicanyi bw'Abagatolika b'abanye Armenia.

Abanye Armenia bavuga ko ababo bashika igice c'umuriyoni, bishwe ico gihe.