Igipolisi c'Uburundi cahanganye n'abiyerekana

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Igipolisi carashe imyuka ikoroza amosozi mu bari mu myiyerekano

Abari mu myiyerekano bahamagarira perezida Pierre Nkurunziza kutazokwitoza mu kiringo kigira gatatu mu matora yo mu kwezi kwa gatandatu.

Umunyamakuru wa BBC ari i Bujumbura avuga ko yabonye imodokari nini zirimwo abapolisi bitwaje ivyuka biryana mu maso hirya no hino mu muji.

Abagira imyiyerekano bashaka guteranira ku kibanza citiriwe ukwikukira (Place de l'Independance) ariko ntibahashitse kuko igipolisi cari catangiriye amayira yose ashikana kuri ico kibanza.

Benshi mu baje mu myiyerekano bahavuye bateranira hafi y'ahahora isoko nkuru ya Bujumbura n'inyubakwa ndangamico (Palais de la Culture).

Abagira imyiyerekano bahanganye n'abapolisi babatera amabuye, umupolisi umwe akaba yakomeretse cane mu maso.

Ikinyamakuru Iwacu kivuga ko icegera c'umuvugizi w'igipolisi yemeje ko abantu barenga 100 bafashwe muri iyo myiyerekano.

Bwinshi mu buzi na cane cane bw'ubucuruzi ntibwaranguwe hagati mu gisagara kuko ama mangazini yagumye yugaye.

Abihereje amabarabara bari bitavye akamo k'imigambwe imwe imwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi hamwe na bamwe mu bawuhoramwo birukanywe bamaze kuvugira ku mugaragaro ko badashigikiye ko prezida Pierre Nkurunziza yitoza ubugira gatatu mu matora yimirije mu kwezi kwa gatandatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Abitavye imyiyerekano benshi n'abakiri bato

Igipolisi kivuga ko iyo myiyerekano yari iteye kubiri n'amategeko.

Umushingamateka Jean Minani arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri avuga ko ata rushusha bari bakeneye gusaba, ngo babimenyesha gusa intwaro ko bazogira imyiyerekano.

Yabwiye BBC ati :''n'abagize imyiyerekano ku wa gatandatu uheze bashigikira ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza nta ruhusha bari bafise''

Perezida Nkurunziza ntaravuga ko azokwitoza canke atazokwitoza mu kiringo ca gatatu, ariko bikomeza kuvugwa cane ko afise uwo mugambi.