Iraq: Izzat Ibrahim al-Douri yoba yishwe?

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Izzat Ibrahim al-Douri

Al-Douri yaranuganuzwe ko yagize uruhara rukomeye mw'ishingwa ry'umurwi wiyita leta yisunga idini rya Islamu muri ico gihugu, IS.

BBC ntiraronka inkuru y'imvaho kuri urwo rupfu rwiwe ruvugwa, ariko amafoto n'ibindi bimenyetso bifatwa nk'ivyemezo ko Al Douri yapfuye, bikomeje gukwiragizwa.

Umuvugizi w' umugambwe Bath ari nawo yarimwo, arahakana ivyo bivurwa.

Uyu mugabo bivurwa ko yari muri ba kizigenza mu murwi w'abariko baronderwa n'ingabo Amarika, zari zatumwe guhiga abari mu butegetsi bwa Saddam Hussein mu 2003.

We n'abandi bategetsi b'ico gihe ku butegetsi bwa Saddam Hussein, bikekwa ko bagize uruhara rukomeye mw'ishingwa ry' umurwi wa Islamic State.