Ethiopia yemeje abishwe na IS ko bari abayo

Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Umuhari wa Islamic ugenzura ibice bitari bike muri Iraq na Syria

Ethiopia yemeje ko abantu berekanywe muri video ysaohowe ku wa mungu n'umuhari w'intagondwa, Islamic State (IS), koko bari abakozi b'abanye Ethiopia.

Leta ya Ethiopia yashinze iminsi itatu y'ikigandaro, kandi ko iriko irakora kugira isuzume umwidondoro w'abo bishwe.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ishirahamwe rya Bulaya vyiyamirije ubwo bwicanyi.

Abagwanyi b'umuhari wiyita leta ya ki Islam (IS) ku wa mungu niho basohoye video igamije kwerekana iyicwa ry'abanye Ethiopia b'aba kristu 30 muri Libya.

Iyo video yerekana umugwi umwe w'abagabo bariko baracibwa imitwe ku nkengera z'ikiyaga uwundi mugwi nawo uriko uraraswa mu mutwe mu bugaragwa.

Abishwe vyibazwa ko ari abo mw'ishengero ry'abanye Ethiopia bafatiwe muri Libya n'intagondwa zifitaniye isano na IS.

Iyo video irasa n'izindi zari zimaze gusohorwa na IS,harimwo iyerekana icibwa ry'imitwe ry'abakristu b'abanye Misiri 21 mu kwezi kwa kabiri.

Iyo video nshasha imara iminota 29 kandi ikaba ifise icivugo kizwi c'ishami ryo kumenyesha amakuru rya IS. Nta buryo bwigenga buraboneka bwo guhinyuza ko iyo video ari iy'ukuri.

Muri iyo video, umugwanyi yihishije mu maso afise inkoho aboneka ariko aravuga ko aba kristu bazokwibonerako badahindutse ngo binjire muri Islam canke ngo barihe ikori ridasanzwe.

IS muri aya mezi aheze yagiye irasohohora ama video asa n'ayerekana iyicwa ry'abantu uwo muhari waba wagize imbohe, ibintu vyatewe ivyatsi n'amakungu.

Izo ntagondwa zigenzura ibice bitari bike vya Iraq na Syria ariko kandi zikaba zisigaye zishigikiwe n'imigwi igwana yitwaza idini rya Islam mu bihugu vy'uburasirazuba bwo hagati no mu buraruko bwa Africa harimwo Libya.