Abarundi bahungiye mu Rwanda bajanywe mu makambi

Image caption Bamwe mu Barundi bahunga hari abaca mu kiyaga Rweru kiri hagati y'Uburundi n'Urwanda

Ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR mu Rwanda ryatanguye kwimura abarundi bahungira mu Rwanda ribavana mu bibanza bashikiramwo ribajana mu makambi y'impunzi.

Aba mbere bashikanwe mw'ikambi yubatswe i Kirehe. ku birometero 50 uvuye ku mupaka n'uburundi.

Umukuru wa HCR mu Rwanda Saber Azam yabwiye BBC ko gushika ku wa kabiri mw'ijoro bari bamaze kwakira impunzi zirenga 9.500.

Izo mpunzi ziva cane cane mu ntara ya Kirundo iri mu Buraruko bw'u Burundi.

Zivuga ko zihunga icuka kitameze neza kiri mu Burundi mu gihe himirije kuba amatora kuva mu kwezi kuza.

Ariko leta y'ico gihugu ivuga ko bahunga ibihuha.

Abo barundi bashikira mu bibanza bibiri, kimwe muri district ya Nyanza, ikindi muri district ya Bugesera.

Saber Azam arahakana ibivugwa n'abategetsi bamwe bamwe bo mu Burundi ko hari imiduga yashize ku mupaka itegereye impunzi ko zijabuka, uburyo bwoba ari ''nk'ubwo guhimiriza n'abandi ngo bahunge''.

Saber Azam yabwiye BBC ati: ''abo bantu turavugana,bavuga ko bafise imvo zifadika zo kujabuka kuza kurondera ubuhungiro mu Rwanda''.

Abarundi batanguye guhunga mu mpera z'ukwezi kwa gatatu bavuga ko amatora yimirije mu kwezi kwa gatanu n'ukwa gatandatu ashobora kubamwo intureka.

Leta y'Uburundi yo ivuga ko bahunga kubera ibihuha vyinshi bivugwa mu gihugu hamwe n'amakuru aca ivutu avugwa ki maradiyo amwe amwe yo mu Burundi.

Amakungu aramaze kuvuga akatari gake ko atewe amakenga n'icuka kiri mu Burundi imbere y'amatora.

Kimwe mu bibazo bigize igihe bishuhije imitwe n'ico kwitoza kwa Pierre Nkurunziza ku kiringi kigira gatatu.

Yavuze ko umugambwe wiwe umushize imbere atazokwanka mu gihe abatavuga rumwe nawe bavuga ko kwoba ari ukurenga amasezerano ya Arusha n'ibwirizwa nshingiro.

Ikoraniro kaminuza ry'uwo mugambwe CNDD FDD ryo kugena uwi rizoshira imbere ryitezwe muri

iyi minsi.