Igipolisi catekuruje igitero mu Bufaransa

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Abatetgetsi mu Bufaransa batangaje ko igipolisi cafashe umugabo w'umunye Algeria yaketswe kuba yari afise umugambi wo gutera vuba amasengero.

Ministre w'Ubufaransa ajejwe intwaro yo hagati, Bernard Cazeneuve yavuze ko igipolisi cari catoye ibigwanisho bitandukanye mu muduga n'i muhira w'uwo mugabo w'imyaka 24 yitwa Sid Ahmed Ghlam.

Cazeneuve yavuze ko impapuro zatowe zerekana ata gukekeranya ko uwo mugabo yari afise umugambi wo gutera imwe canke amasengero abiri.

Uwo yikekwa ariko arasambishwa kandi ku rupfu rw'umugore yigisha ivyo kwinonora batoye yishwe arashwe mu modoka yiwe umunsi umwe imbere y'uko afatwa ku munsi wa mungu.

Uwo mugabo amaze imyaka myinshi aba mu Bufaransa,yari asanzwe azwi mu nzego zijejwe umutekano, ubwo yari amaze guserura iciyumviro co kuja muri Syria.