Urwanda rurashinjwa kwinjira muri Congo

Abasirikare b'Urwanda ngo babonywe muri Pariki y'igihugu ya Virunga. Uwufise ububasha kw’isanamu Virunga NP
Image caption Abasirikare b'Urwanda ngo babonywe muri Pariki y'igihugu ya Virunga.

Repubulika iharanira demokarasi ya Congo yatangaje ko hari abasirikare b'Urwanda binjiye ku butaka bwayo muri ino minsi.

Ibi ariko leta y'Urwanda yabihakanye.

Umuvugizi wa leta ya Congo - Lambert Mende - yavuze ko hari abasirikare benshi babonywe muri Pariki y'igihugu ya Virunga mu ntara ya Kivu y'amajyaruguru.

Umwe mu bayobozi b'iyo pariki yabwiye BBC ko hafi abasirikare b'Urwanda 300 bambutse umupaka.

Yongeyeho ko bamwe ntawamenye irengero ryabo mu ishyamba.

Mu gihe cyashize Congo yashinje Urwanda gutera inkunga imitwe y'abanyekongo yitwaje intwaro irwanya ubutegetsi.