Urwanda ruhaye ubuhunzi abarundi

Image caption Abarundi bahungira mu Rwanda bamwe bashikira i Nyanza

Urwanda rumaze guha ubuhunzi abarundi bamaze iminsi bahungira muri ico gihugu.

Leta y'Urwanda ivuga ko bamaze gushika 11.000 kandi habandanye kuza abandi ku rugero rwa 800 buri munsi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ministre w'Urwanda ajejwe gucungera ibiza n'impunzi Serapgine Mukantabana yavuze ko abo barundi bahawe ubuhunzi ikivunga, PRIMA FACIE, umwe umwe atabanje kwisigura igituma asaba ubuhungiro, ngo higwe niba yobuhabwa canke yobwimwa.

Madame Mukantabana yavuze ko ivyo leta y'Uburundi ivuga ko bahunga inzara atari vyo kandi ko leta y'Urwanda ata ruhara ifise mu gutuma abarundi bakomeza guhunga.

Ku wa kane Reverien Nzigamasabo, umukuru w'intara ya Kirundo abenshi muri abo bahunga bavamwo, yabwiye BBC ko HCR y'Urwanda n'abategetsi bamwe bamwe b'ico gihugu basa n'abatuma abarundi babandanya kujabuka kuko ''usanga ama kamyo ya HCR arindiriye ku mupaka kwakira impunzi''.

Nzigamasabo yavuze ko mu Kirundo hari amahoro, ko n'ivyo abahunga bitwaza vy'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, Imonerakure, ataho bishingiye na gato.

Abo barundo bahunga bashikira mu bibanza vyo kubakiriramwo i Nyanza na Gashora mu ntara z'amajepfo n'uburasirazuba bw'Urwanda.

Kuva ku wa kane ,baratanguye kwimurirwa mw'ikambi y'impunzi iri Kirehe naho nyene mu ntara y'Uburasirazuba bw'Urwanda ariko hafi n'umupaka na Tanzania.

Abo barundi batanguye guhungira mu Rwanda mu mpera z'ukwezi kwa gatatu bavuga ko batinya ko umutekano ushobora guhungabana kubera ibihe vy'amatora Uburundi bwimirije kuva mu kwzi kuza.