Nyamugigima yihaye inkumbi muri Nepal

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abenshi baracari munsi y'ibihomoka

Igipolisi kivuga ko citeze ko ivyo biharuro vyiyongera mu gihe abandi bantu benshi bakomeretse bakigomye mu bihomoka.

Iyo nyamugigima, yari ifise umurindi wa 7.9, yahereye hagati ya Kathamandu n'uwundi muji ugira kabiri, Pokhara.

Igitigiri kitari gito c'inyubakwa za kera casambutse.

Leta ya Nepal yatangaje ibihe nk'ivyo igihugu kiri mu bihe bidasanzwe ikavuga ko izokenera infashanyo y'amakungu.