Abasirikare n'abapolisi bose ba Nepal mu gikorwa co gutabara

Kurondera aboba bakiri bazima birabandanya muri Nepal Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Kurondera aboba bakiri bazima birabandanya muri Nepal

Leta ya Nepal ivuga ko buri musirikare n'umupolisi wese ari mu gikorwa co kurondera no gutabara nyuma ya nyamugigima ikomeye cane yo kuwa gatandatu.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati yabariye BBC ko igihugu gikeneye izindi ndege za kajugujugu kugira bashike mu turere tugoye.

Abantu hafi ibihumbi bine nibo bimaze kumenyekana ko bahasize ubuzima, ariko vyibazwa ko ico gitigiri gishobora kuduga.

Abanyagihugu baba hafi y'aho nyamugigima yazananye, bavuga ko batararonka imfashanyo ikwiye.

Ariko imfashanyo ivuye hirya no hino mu makungu iriko irerekeza umurwa mukuru Kathmandu.