Imyigaragamvyo mu Burundi: Umunsi ugira 4

Umunsi ugira kane w'imyiyerekano y'abiyamiriza gusubira kwitoza kwa Pierre Nkurunziza
Image caption Umunsi ugira kane w'imyiyerekano y'abiyamiriza gusubira kwitoza kwa Pierre Nkurunziza

Kuri uno munsi ugira kane w'imyiyerekano y'abiyamiriza gushaka kwitoza kwa Prezida Nkurunziza, leta yahagaritse imihora nkoranyambaga kuri telefone ngendanwa.

Naho biri uko ariko, hari abashoboye gukoresha ubundi buhinga bakaba bashobora gukoresha twitter, facebook na watsap naho leta yabihagaritse.

Iyo mihora nkoranyambaga niyo ikoreshwa n'abategura iyo imyiyerekano.

Amajana y'abiyerekana bari mu mabarabara mu bice bimwe vy'umurwa mukuru Bujumbura.

Muri zone ya Musaga, abigaragamvya baririmba bakanakiriza amaboko, berekana ko ata birwanisho bitwaje.

Bavuga ko babujijwe kugira aho baja, ngo kandi ivyo kurya ntibiriko birabashikira.

Leta y'u Burundi ivuga ko iyo myiyerekano idakurikije amategeko, ikaba iba mu bice bimwe gusa bitagize ubwinshi bw'igihugu, ngo kuri ivyo akaba ari ubugumitsi.

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ban ki Moon, yarungitse intumwa yiwe mu karere k'ibiyaga binini ngo abonane n'abajejwe intwaro mu Burundi, mu gihe ONU ihangayikishijwe n'ibiriko biraba.