Abanyagihugu barenga 50 bishwe muri Syria

Bivugwa ko indege z'urunani rurongowe na Amerika zoba zishe abanyagihugu muri Syria. Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bivugwa ko indege z'urunani rurongowe na Amerika zoba zishe abanyagihugu muri Syria.

Amakuru ava mu buraruko bwa Syria avuga ko abanyagihugu barenga mirongo itanu baguye mu gitero c'indege c'urunani rurongowe na Amerika.

Ikigo kirereka ibijanye n'agateka ka zina muntu muri Syria gifise icicaro mu Bwongereza kivuga ko ikigwati ca Brimahle catewe, ngo kandi hari abantu baheze munsi y'ibihomoka.

Birazwi ko indege z'urunani rurwanya umugwi Islamic State zimaze igihe zigaba ibitero muri ako karere.

Umuvugizi w'urwo runani avuga ko ata makuru afise yemeza impfu z'abanyagihugu, ngo ariko ivyo bivugwa biraza gutohozwa.