Igisirikare mu Burundi ngo ntaho kizegamira

Igisirikare mu Burundi kivuga ko kizubahiriza ibwirizwa nshingiro Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igisirikare mu Burundi kivuga ko kizubahiriza ibwirizwa nshingiro

Igisirikare mu Burundi kivuga ko kizoguma hagati, nyuma y'iminsi itandatu haba imyiyerekano yo kwiyamiriza gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Pontien Gaciyubwenge, yavuze ko igisirikare kizokwubahiriza ibwirizwa nshingiro hamwe n'amasezerano ya Arusha yahejeje intambara yo hagati mu gihugu.

Abiyamiriza Prezida Nkurunziza bamwagiriza kutubahiriza ibwirizwa nshingiro hamwe n'ayo masezerano, mu gushaka kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Ariko abashigikiye bwana Nkurunziza, ivyo baravyiyamiriza.