Israel: imyiyerekano 'yatonetse igihugu mu gisebe'

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi kigondoza abari mu myiyerekano kuhava

Abantu batari munsi ya 50 barakomeretse muri iyo myirekano yo mw'ijoro ryakeye ku murwa mukuru Tel Aviv.

Igipolisi cakoresheje imyuka irakira na grenades zibaba.

Umurwi w'intumwa z'abanya Israel baturuka muri Ethiopia bateganya guhura n'umushikiranganji wa mbere Banjamin Netanyahu kugira bashikirize ibibazo bafise.

Muri vyo hari ikibazo c'umusirikare w'umunya Israel mugenzi wabo nawe yamuka muri Ethiopia, yakubiswe n'aba polisi, ari nayo yabaye inyanduruko y'iyo migumuko.