Abarongoye amadini mu Rwanda bifuza Kagame

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Paul kagame

Ubundi ibwirizwa nshingiro mu Rwanda ritegekanya ibiringo bibiri vy'umukuru w'igihugu, ivyo navyo mu mwaka wa 2017 Peresida Kagame akazoba avyujuje.

Uwuserukiye iryo huriro, Musenyeri Nzeyimana Innocent, yabwiye BBC ko ico cifuzo bagishize imbere kuko bazi ko abanyagihugu mu Rwanda biyumvamwo perezida Paul Kagame.

Ikindi kandi ngo n'uko ico asezeranye agishitsa, kandi hari intambwe iboneka y'itarambere amaze kugezako igihugu.

Ku kibazo c'uko ata wundi n'umwe ashobora kumukorera mu ngata mu gihugu cose, musenyeri Innocent Nzeyimana, avuga ko n'uwoza yoza avuga ivyo azokora abanyarwanda batarabona, ngo mu gihe perezida Kagame ivyo amaze kurangura babibonesha amaso.

Ikindi kandi ngo bifuza ko arangiza ikivi yatanguye, co kubashikana ku mahoro, umutekano n'iterambere.

Nayo kubona iyo ngendo yo guhindura ibwirizwa nshingiro kubera ivyo umutegetsi kanaka ashimwa, n'ubwo yoba yashikanye igihugu ku bingana gute,, atariko bigenda mu bihugu intwaro rusangi imaze gutsimbatara, musenyeri Nzeyimana we aravuga ko vyari kuba bibi gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro ari umutegetsi avyisabiye.

Ariko ngo mu gihe bivuye mu banyagihugu, ngo n'ishaka ry'abanyagihugu rikwiye gushirwa imbere.