HCR ihangayikishijwe n'ikibazo kiri mu Burundi

Antonio Guterres yari yizeye ko ikibazo c'impunzi z'Abarundi kitazosubira kuvugwa Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Antonio Guterres yari yizeye ko ikibazo c'impunzi z'Abarundi kitazosubira kuvugwa

Umukuru w'ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, Antonio Guterres, avuga ko ahangayikishijwe n'ikibazo kiri mu Burundi catejwe n'ugushaka kwitoza kwa Prezida Nkurunziza.

Antonio Guterres yavuze ko yibaza ko ikibazo c'impunzi z'Abarundi, cari ikintu kitazosubira kuvugwa.

Abantu bashika ibihumbi mirongo ine barahunze igihugu mu kwezi guheze.

Uwutavuga rumwe na leta, Agathon Rwasa, yasavye ko amatora yitezwe muri kuno kwezi yokwigizwa inyuma.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ibihugu biri mw'ishirahamwe East African Community, bari mu mubonano mu Burundi, bamenyesheje ko bazogira inama idasanzwe ku kibazo c'u Burundi mu ndwi iza.