Leta y'u Burundi mu biganiro n'abatavuga rumwe nayo

Imyiyerekano yabandanije ku munsi ugira icenda mu ma zone amwe amwe ya Bujumbura Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Imyiyerekano yabandanije ku munsi ugira icenda mu ma zone amwe amwe ya Bujumbura

Leta y'u Burundi yagize ibiganiro n'abatavuga rumwe nayo mu kugerageza guhosha uruhagarara nyuma y'aho sentare y'ibwirizwa shingiro yemereje ko Prezida Nkurunziza yemerewe kwitoza.

Iyi ndwi igira kabiri hari imyiyerekano ku murwa mukuru Bujumbura, imaze no kugwamwo abantu, biyamiriza kwitoza kwa bwana Nkurunziza mu kiringo kigira gatatu.

U Burundi buramaze gushirwako igitsure n'amakungu kubera ico kibazo.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire bo mw'ishirahamwe ry'akarere k'ubuseruko bwa Afrika, bari mu nama i Bujumbura ngo baganire ku cokorwa kugira uruhagarara ruveko.

Hagati aho imyiyerekano yabandanije ku munsi ugira icenda mu mihingo y'umuji wa Burujumbura yari isanzwe iberamwo, abiyerekana bakaba bahanganye n'abapolisi.