Burundi:imyiyerekano y'uno munsi yahitanye abantu

Image caption Abiyamiriza ikiringo ca 3 c''umukuru w'igihugu bakomeje imyiyerekano bazibira amabarabara

Abantu basubiye mu mabarabara bavuga ko bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.

Aho ni mu gihe umukuru w' igihugu Pierre Nkurunziza yari yaraye ashikirije ijambo amenyesha banyagihugu ko hamwe boramuka bamutoye, ikiringo yotwara kizoba kibaye ica nyuma kuri we.

Mu ntango z'iyi ndwi, sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yashinze ko perezida Nkurunziza ashobora kongera kwitoza, kuko ngo ubwa mbere yatowe n'abashingamateka atatowe n'abanyagihugu