Mu Bwongereza bazindutse mu matora

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Hamwe mu habera amatora

Abantu bagera hafi mu miliyoni 50 nibo bari ku rutonde rw'abanditswe ko bageze gutora.

Abantu baturuka mu migambwe itandukanye, bose hamwe bagera ku 650 nibo bazagutorwamwo abashingamateka mu gihugu cose.

Leta igiye gushingwa inyuma y'aya matora, izoturuka ku mugambwe canke urunani rw'imigambwe izoba ishoboye gushikana igitigiri gikenewe c'abashingamateka.

Hari kandi ibibanza biharurwa mu bihumbi vy'abakuru b'uturere biriko birahiganirwa hano mu Bwongereza.

Hari ibibujijwe ku bijanye n'ibitangazwa n'abanyamakuru kuri ayo matora, bisobanura ko batarekuriwe kuvuga ikintu na kimwe gishobora kosha/guhimiriza abataratora.

Abanyamakuru bakaza kurekurirwa kugira ivyo bavuga kuri ayo matora amaze kurangira.