Abarundi 20000 basubiye guhungira Tanzania

Image caption Abahunze bururutse ubwato Kagunga

Ibitigiri vy'abajabuka bimaze kurengera amashirahamwe y'abafasha, yaba ayo ngaho muri Tanzania, canke mpuzamakungu, ariko arabakira i Kagunga.

Kuri uno munsi hari umurwi munini ugizwe ahanini n'abagore n'abana bagera ku 8000, uriko urakirwa n'abajejwe umutekano ba Tanzania, bari kumwe n'abo mw'ishirahamwe mpuzamakungu bariko barabafasha.

Buri munsi ngaho Kagunga ngo hashika Abarundi baharurwa mu 2000, bigatuma igikorwa c'amashirahamwe abakira kirushaho kugora.

Image caption Abajejwe umutekano ba Tanzania basuzuma impunzi zishitse Kagunga

Abo barundi bahunga bavuga ko bakuye icirwa muri kahise, aho bafatira ku bwicanyi bwakwirikiye amatora mu gihe cahise, bigatuma ubu bahitamwo kuyanyaga kare.

Umwe mu bari bahungishije imiryango yabo, yiganiye umunyamakuru wa BBC Tulanna Bohela, ko intambara yamutwaye abavyeyi mu 1993, akavuga ko atokwigerezako kuko atinya ko ubwicanyi nk'ubwo bushobora gusubira kwaduka.

Avuga ko abona buri myaka itanu hama haduka indyane, akavuga ko ashobora kugaruka abategetsi bamaze kwizeza abantu ko hashobora kuboneka amahoro arama.

S'ubwa mbere Tanzania icumbikira impunzi z'Abarundi.

Nta gihe kini cari kihaciye kandi, Tanzania iri mu gikorwa ca leta co gutahuka impunzi no guha ubwenegihugu ibihumbi n' ibihumbi vy'abasigayeyo, bari bahunze intambara zo muri kahise.

Tony Laiser, ajejwe gutunganya ibikorwa vyo kwakira impunzi mu karere ka Kigoma, yabwiye BBC ko ibihe barimwo vyihutirwa bisa n'ivyabahwikiye.

Ariko ngo Tanzania ifatanije n'ishirahamwe rijejwe impunzi HCR kugirango abo bahunga bashobore gushikanwa mw'ikambi ya Nyarugusu.

Imishamirano iracakomeza, kandi abanyagihugu ntibarasobanukirwa iyo ibintu bitero bija.

Abantu bashobora gukomeza guhungira muri Tanzania, Rwanda na Congo barondera umutekano.