Buurndi: Abakora imyiyerekano banze kwumvira

Abigaragambya i Bujumbura
Image caption Abigaragambya i Bujumbura

Mu Burundi, abarwanya Prezida Pierre Nkurunziza kongera kwiyamamaza bamaganye amabwiriza ya leta yo guhagarika imyiyerekano bavuga ko iryo ari itangazo ry'intambara.

Mu ma quartiers amwe namwe bongeye gushyiraho ibintu bizibira imihanda nyuma yaho akanama gashinzwe umutekano gatangarije ko ibyo bintu bigomba gukurwaho mu masaha 48.

Ejo inama nkuru y'igihugu ijejwe umutekano " Conseil National de Sécurité" yategetse abakora imyiyerekano mu murwa mukuru wa Bujumbura guhagarika iyo myiyerekano yamagana Prezida Pierre Nkurunziza kwongera kwiyamamaza ku mwanya w'umukuru w'igihugu mu matora ateganijwe mu kwezi gutaha.

Mw'ijambo ryasomwe n' umushikiranganji w'ingabo z'igihugu mu Burundi Général Major Potien GACIYUBWENGE, yavuze ko abategetsi bamaze kubona ko hari n'abana bari munsi y'imyaka 18 bashyirwa muri iyo myiyerekano, basabye abo bakora imyiyerekano ko bayihagarika vuba na bwangu.

Basaba abashinzwe umutekano gukoresha ubuhanga bize kugirango mu masaha 48 babe bakuyeho ibintu bizibira imihanda mu murwa mukuru byashyizweho n'abo bakora imyiyerekano.

Kubajejwe intwaro nabo, basabwe kubahiriza ibwirizwa rigenga amanama n'imyiyerekano hamwe n'itegeko rigenga imyiyamamazo mu gihe cy'amatora ntaho babogamiye.

Iyo nama kandi yasabye ko hashyirwaho amakomite ahuriweho na bose ajejwe gukurikirana icyo kibazo cy'imyiyerekano mu makomini amaze kubamo iyo myiyerekano.

Iyo nama nkuru ishinzwe umutekano yanasabye abashinzwe umutekano gukura ibirwanisho mu banyagihugu babifite mu buryo butemewe n'amategeko. Iyo nama yanasabye abakozi gusubira ku kazi igihe nta mpamvu zigaragara bafite zibabuza.

Iyi nama yanasabye amashuri gufungura kuwa mbere tariki 11 z'ukwa 5 mu 2015.

Yanasabye abanyamakuru gutanga amakuru yatohojwe yubaka kandi adaca ivutu.

Nta myiyerekano yabaye uyu munsi kubera urupfu rw'abantu 2 bishwe ejo ariko abategura iyo myiyerekano bavuga ko izakomeza ejo ku cyumweru.

Hagati aho Agathon Rwasa uhagarariye urunani amizero y'abarundi amaze kugeza dossier ye muri CENI, akanama gashinzwe amatora, mu kwiyamamariza umwanya w'umukuru w'igihugu mu matora ateganijwe kuzaba mu kwezi gutaha.

Abantu bagera kuri 18 bamaze gupfa kuva aho iyo myiyerekano itangiriye muri ibi byumweru 2 bishize.