Abajejwe intwaro muri Kongo bavuga ko abantu 20 bishwe n'abarwanyi

Abagiye gupfuba umuntu yishwe n'abarwanyi ba ADF muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption ADF imaze kwica amajana y'abantu muri Kongo

Abajejwe intwaro muri republika iharanira demokrasi ya Kongo bavuga ko abantu 20 bishwe n'umugwi w'abarwanyi vyibazwa ko ari uwo muri Uganda.

Bane muri abo bishwe buvugwa ko ari abasirikare ba Kongo.

Ico gitero cagabwe mw'ijoro ry'ejo kuwa gatatu.

Abarwanyi bo mu mugwi ugizwe ahanini n'aba Islam, ADF, baramaze kugaba ibitero vyinshi hafi y'umuji wa Beni uri mu buseruko bwa Kongo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abo barwanyi bashobora kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ibihohotera ikiremwa muntu.

ADF imaze kwica amajana y'abantu, rimwe na rimwe ikabicisha inyundo, imipanga hamwe n'imbugita.