Burundi: Ijambo rya Prezida Nkurunziza

Prezida Pierre Nkurunziza
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza

Barundi,Barundikazi,

Ncuti z'Uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yaduhaye Igihugu ciza c'Uburundi, gitemba amata n'ubuki. Nihabwe icubahiro.

2. Kuri uno musi uri hejuru, twagira dushimire bimwe bivuye ku mutima inzego z'igihugu z'ukwivuna abansi no gucungera umutekano ku bwira n'ubukerebutsi zaraye zerekanye mu guhagarika umugambi ugayitse wo gutembagaza inzego zitorewe n'abenegihugu.

3. Iyo migumuko imaze imisi nta kindi yazanye mu gihugu cacu atari amarira n'amaganya mu miryango, igihombo ku gihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ari na ho ako kaguma katanguriye mu duce tumwe tumwe turi ku rushi.

4. Abarundi barayamaze bati "Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro". Abo bahanuwe nabi nibirimbure bamenye ko Uburundi n'Abarundi twamaze gutera intambwe iboneka ya demokarasi, kandi ko tutazigera twihanganira uwo wese azogerageza kuyisubiza inyuma.

5. Biragaragara kandi ko iyo migumuko yatanguye gutegurwa kuva kera, kuva mu mwaka uheze, eka n'imbere yaho. Intumbero yayo kwari ugushaka gusenyura inzego zirongoye igihugu zitorewe n'abenegihugu.

6. Turateye ivyatsi rero kandi turiyamirije abo bose bashaka gusubiza igihugu mw'ihumbi, mu kugarukana intwaro z'igikenye babanje kuburabuza demokarasi.

Barundi,Barundikazi,

Ncuti z'Uburundi,

7. Turashimiye Imana rero ko uwo mugambi ugayitse waraye uburijwemwo, mbere tugasaba n'incuti z'Uburundi n'amakungu muri rusangi ko bohakura icigwa gikomeye. Igiti ntikigukora mu jisho kabiri.

8. Ntitworeka gushimira abahenzwe batanguye kwirimbura bakishikana imbere y'inzego z'umutekano n'ubutungane.

9.Twashaka kumenyesha Abarundi n'amakungu ko amahoro n'umutekano birangwa mu gihugu cacu cose, mbere no mu gisagara ca Bujumbura aho ako karwi k'inkorabara kari ku rushi karaye gashatse gukorera ibara.

10. Twashaka kuremesha Abarundi bose twongera tubasaba kwigumya no gufatana mu nda kugira ngo demokarasi twarwaniye bitoroshe ntiduce mu myanya y'intoke.

11. Nk'uko tudahengeshanya kubivuga, intwaro z'igikenye ziciye kubiri na demokarasi twarazisezereye. Ariko intumva zo ntizibura. Twiyemeje kuzirwanya twivuye inyuma.

Barundi,Barundikazi,

12. Tubasavye kwumvira indongozi zanyu, kuko inyifato nziza nk'iyo ituma abantu baba mu mahoro, bagakora imirimo yabo batekanye.

13. Dukomeze rero amahoro n'umutekano, tuje mu matora dutekanye nk'uko akarere n'amakungu babishigikiye kandi babiduhanura.

14. Turasavye kandi ko hoba gushigikirana ku bijanye n'amatora mu kugira uruhara mu kubungabunga amahoro, umutekano, demokarasi n'ubutungane kuri bose nk'uko ingingo ya 73 y'Ibwirizwa Nshingiro ry'Uburundi ibidusaba. Tumenye kwibako kuko ba sokuru barayamaze ngo "AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE" kandi "AMAZI MASABANO NTAMARA IMVYIRO".

15. Ariko rero, dusavye amakungu kwama hafi Uburundi kuko adafashije aba yuguruye inzira y'akajagari, ako na ko kagakamira mu coze abipfuza ubutegetsi babicishije ku ngimba, maze bigakwega intwaro z'igikenye ata kindi zigamije atari ukuburizamwo demokarasi mu kwima ijambo abenegihugu.

16. Turasavye rero dushimitse ko imigumuko ihagarara ubu nyene, abafise ivyo basaba babicishe mu nama n'ingingo, ntibabicishe mu ngimba canke mu migumuko.

Barundi,Barundikazi,

Ncuti z'Uburundi,

17. Biragaraga ko iyo migumuko ifitaniye isano rikomeye n'abo baraye bashatse gutembagaza inzego, ndetse na bamwe bateye Uburundi mu ntara ya Cibitoke mu mpera z'umwaka uheze bazananye muri Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo.

18. Ikindi twashaka gushimangira ni uko bigaragara ko zirya kambi z'abasirikare zitwa Bataillon Para na 11ème Bataillon Blindé ziri ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura, kuva muri kahise ari zo zamye zikoreshwa mu gutembagaza inzego, ivyo bikaba vyamye na ntaryo bitera ingorane n'amarushwa bikomeye mu gihugu no mu banyagihugu, mbere bikanacafuza izina ry'igisirikare c'Uburundi mu gihugu no mu makungu.

19. Dufatiye rero ku vyipfuzo vy'abanyihugu batari bake, tugiye muri kazoza gufata ingingo ijanye n'itunganywa n'ikoreshwa gushasha kw'ibibanza izo kambi zikoreramwo.

20. Dutangarije Abarundi n'amakungu ko imbibe z'igihugu zuguruye zose kandi zicungerewe bikwiye, ko ubuzima bw'igihugu bubandanya nk'uko vyahora mu gihugu cose.

21. Tukaba turangije rino jambo dusubiriye kwibutsa ubugira kandi ko Uwo wese yakije umuriro ata ntambwe azoduterana, ko intambara asomborokeje izohera iwe igaherera iwe.

NKABA NDABASHIMIYE, IMANA IHANGAZE UBURUNDI N'ABARUNDI,

MURAKOZE.