Intagondwa 6 zanyonzwe mu Misiri

Mohamed Morsi n'abandi baregwana nabo bakatiwe urwo guwepfa. Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mohamed Morsi n'abandi baregwana nawe bakatiwe urwo gupfa.

Abategetsi bo mu Misiri bishe bamanishe intangondwa z'abayisilamu esheshatu.

Zari zarahamijwe ibyaha byinshi birimo gutega bulende maze zikica abasirikare bakuru babiri.

Abo bantu 6 bari abayoboke b'umutwe wa Ansar Bayt al-Maqdis wiyemereye ko ufatanije n'umutwe wa Leta ya Kiyisilamu.

Kuwa gatandatu, urukiko rwo mu Misiri rwahanishije igihano cyo gupfa Mohamed Morsi wahoze ari umukuru wa Misiri nyuma yo kumuhamya icyaha cyo kuba yaragize uruhare mu itoroka ry'abanyururu hashize imyaka ine.

Abandi bantu barenga 100 baregwana hamwe nawe bahawe igihano cyo gupfa.