Amatora y'abadepite yigijwe inyuma mu Burundi

Kongera kwiyamamaza kwa Nkurunziza kwatumye hatangira imyigarambyo ibirwanya. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kongera kwiyamamaza kwa Nkurunziza kwatumye hatangira imyigarambyo ibirwanya.

Umukuru w'Uburundi Pierre Nkurunziza yasinye iteka ryigiza inyuma ho iminsi icumi amatora y'abadepite n'ay'abajyanama b'amakomine yari ateganijwe kuba ku itariki ya 26 za kuno kwezi.

Ayo matora rero yimuriwe ku itariki ya 5 z'ukwezi gutaha kwa gatandatu nkuko byatangajwe n'umwe mu bajyanama be.

Amatora y'umukuru w'igihugu atavugwaho rumwe na bose yo aracyateganijwe kuba ku itariki ya 26 z'ukwezi gutaha.

Perezida Nkurunziza akomeje kuvuga ko aziyamamaza muri aya matora nubwo bwose akomeje kwotswa igitutu imbere mu gihugu ndetse n'amahanga kugirango areke kwiyamamariza kuyobora Uburundi ku nshuro ya gatatu.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi, abayobozi b'ibihugu binyuranye harimo n'ibihugu byo mu karere bari bamaze iminsi basaba ko amatora yigizwa inyuma kugeza igihe umutekano ugarukiye.

Igisirikare kiravuga ko umusirikare umwe yishwe arashwe n'igipolisi kuri uyu wa gatatu igihe cyakozanyagaho n'abari mu myigaragambyo mu murwa mukuru Bujumbura.

Hagati aho intumwa idasanzwe ya ONU muri Somalia, Nicholas Kay, yaburiye abantu mu kiganiro yahaye BBC ko ingabo z'Uburundi zibungabunga amahoro muri Somalia ziramutse zisubiye iwabo byagira ingaruka zikomeye ku gikorwa cyo kurwanya umutwe wa Al Shabaab muri Somalia.