Katolika ivuye mu bikorwa vyo gutegura amatora mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ku murwa mukuru w'Uburundi ukwezi kurarenga harangwa uruhagarara rufatiye ku myiyerekano

Eklezia katolika mu Burundi yamenyesheje ko ivuye mu bikorwa vyo gutegura amatora mu gihe umugwi ujejwe ico gikorwa warimwo abapatiri batari bake mu nzego zawo zo mu ntara n'amakomine.

Iyo ngingo yemenyeshejwe mu gihe hasigaye munsi y'indwi imwe gusa kugira habe amatora ya mbere y'ama komine n'ayabashingamateka ategekanijwe itariki 5 ukwezi kwa 6.

Yari ategekanijwe itariki 26 ukwezi kwa 5 hanyuma umukuru w'igihugu arayasivya iminsi icumi.

Mw'itangazo ryasomwe n'umukuru w'inama y'abapiskopi ba katolika Musenyeri wa diyoseze ya Ngozi Gervais Banshimiyubusa, iyo nama yavuze iti: ''turavye uburyo ayo matora ariko arategurwa n'iyo atera aja, twasanze ari vyiza ko abapatiri batanga imihoho bakabisa abandi bashobora kubandanya ico gikorwa''.

Ariko naho Eklezia katolika yavuye mu bikorwa vyo gutegura amatora, ivuga ko ariyo nzira yonyene nziza yo gusubiriza inzego.

Umuvugizi wa CENI Prosper Ntahorwamiye yabwiye BBC ko iyo ngingo ya Ekleziya katolika ataco izohungabanya ku gikorwa cayo co gutunganya amatora mu gihugu.

''Dufise abapatiri 11 ku ba CEPI 163 mu gihugu , dufise abapatiri 33 ku ba CECI 645 bari mu gihugu''. Ntahorwamiye avuga ko n'aho boba batararonka umwanya wo kubasubiriza, akazi ka CENI kobandanya neza.

Amatora y'umukuru w'igihugu yo aracategekanijwe itariki 26 ukwezi kwa 6.

Kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane, Uburundi burangwa n'uruhagarara na cane cane ku murwa mukuru Bujumbura rufatiye ku myiyerekano y'abadashigikiye ko prezida Pierre Nkurunziza yitoza ubugira gatatu.

Abantu barenga 74.000 baramaze guhunga igihugu batinya ko umutekano ushobora guhungabana cane mu gihe c'amatora.

Abagira imyiyerekano bitaba akamo k'ikigambwe itavuga rumwe na leta n'amashirahamwe y'abadaharanira inyungu za politike yemeza ko kwitoza ubugira gatatu kwa Pierre Nkurunziza vyoba biteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi hamwe n'amasezerano y'amahoro ya Arusha.

Ariko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yashikirije ingingo ivuga ko ikiringo ca gatatu ca prezida Pierre Nkurunziza kitoba giciye kubiri n'iryo bwirizwa hamwe n'ayo masezerano.