Fifa: Blatter atahiye ikiringo ca gatanu

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Blatter yavuze ati ''ntidushobora kureka ngo izina rya Fifa rikwegwe mu vyondo''

Umuganwa Ali al-Hussein wo muri Jordania yashimye kutirirwa araja mu kiringo ca kabiri co gutora inyuma yo kuronka amajwi 73 ku 113 ya Sepp Blatter.

Ayo majwi ya al-Hussein yari akwiye kugira hashobore kuba ugutora ubugira kabiri.

Ubu Sepp Blater agiye kwongera kurongora Fifa ku ncuro igira gatanu.

Ayo matora abaye haheze iminsi ibiri abategetsi 7 ba Fifa bafatiwe Zurich mu matohoza y'ibiturire yuguruwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku bantu 14.

Yugurura umunsi ugira kabiri w'ikoraniro kaminuza, Blatter yabwiye abaryitavye ko Fifa ''iri mu bihe b ibi''.

Blatter hari abamusavye gutanga imhoho ariko yamaze kuvuga ko ivyabaye bitoshirwa ku gatwe kiwe kandi aca avuga ko ahska kurwanya ibiturire.

Yavuze ati ''Ivyabaye vyasutse iceyi kuri Fifa no kw'ikoraniro kaminuza. Reka tugerageze twikureko ico ceyi''.

Ibikorwa vyahungabanye gato igihe hari abanyepalestina babiri bagira imyiyerekano basaba ko Israel yovanwa muri Fifa. Baciye bigizwayo.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umuganwa Ali avuga ko agororotse kandi afise ivyiyumviro bigororotse

Blatter, w'imyaka 79, n'umuganwa Ali, w'imyaka 39, bose bahawe iminota 15 yo gushikiriza ijambo abitavye ikoraniro.

Abaserukira amashirahamwe y'umupira w'amaguru 209 baciye batora umwe umwe ku gatwe kiwe, mu mwiherero.

Ku ncuro ya mbere, uwutsinda yategerezwa kuronka amajwi 140- n'ukuvuga 2/3 vy'amajwi.

Ivyo bitabaye,haca haba incuro ya kabiri aho uwurushize uwundi bisanzwe aca atsinda. Iyo ntiyiriwe iraba.

Sepp Blatter yari ashigikiwe cane n'abanye Asia, Africa na Amerika bavuga ko yateje imbere umupira w'amaguru mu bihugu bikenye.

Umugawa Ali yari ashigikiwe n'abanyabulaya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abategetsi 7 ba Fifa bafashwe ku wa gatatu

Ku wa kane Sepp Blatter yiyamirije ''ibikorwa vy'abantu ku gatwe kabo'' bateje ''isoni n'ukwambika ibara'' umupira w'amaguru mu kuvugwako ibiturire.

Ariko yavuze ko n'ubwo benshi bafata ko ariwe ''impera n'imperuka akwiye kubibazwa'', atashobora ''kugenzura umwe umwe wese igihe cose''.

Yabivuze ariko arugurura ikoraniro kaminuza rya Fifa, inyuma y'umunsi umwe abategetsi 7 ba Fifa bafashswe mw'itohoza ry'ubutungane bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Blatter hari abamusavye gutanga imihoho ariko ku wa gatanu azokwitoza kurongora Fifa ikiringo kigira gatanu.

Umukuru w'urwego Uefa rujejwe umupira ku mugabane wa Bulaya Michel Platini na ministre wa mbere w'Ubwongereza David Cameron basavye ko Blatter yotanga imihoho ariko umukuru w'Uburusiya Vladmir Putin yashigikiye ko Blatter yokwitoza kurongora Fifa ubugira gatanu.

Ibigo n'amakompanyi bisanzwe bikorana na Fifa vyashikirije amakenga inyuma y'ayo matohoza abiri yuguruwe kuri uyu wa gatatu, rimwe rya Leta zunze Ubumwe za Amerika irindi ry'Ubusuisse.

Ariko Blatter ntari mu bantu 14 bagirijwe na Amerika ku wa gatatu gufumbatishwa, kwemera ibiturire hamwe no kuronka amafaranga y'inkomoko mbi.