BBC Gahuzamiryango yahagaritswe burundu mu Rwanda

Ikigo gishinzwe kugenzura imirimo ifitiye akamaro leta mu Rwanda RURA cafashe ingingo yo guhagarika burundu ibiganiro vya BBC Gahuzamiryango kuri FM.

Iyo ngingo ntiyerekeye ibiganiro vya BBC mu zindi ndimi.

Ivyo biganiro vyari vyahagaritswe vy'agateganyo mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze imyuma y'ikiganiro ''Rwanda's Untold Story'' caciye kuri imwe mu ma television ya BBC, BBC2.

Urwanda rwagirije ico kiganiro guhakana jenocide yabaye mu Rwanda mu 1994.

RURA ivuga ko yafashe iyo ngingo imaze kwihweza raporo yashikirijwe n'akana kari kashinzwe gusuzuma ikiganiro ''Rwanda's untold Story''.

Ku bw'umukuru wa RURA Patrick Nyirishema ngo basanze hari ivyaha vyinshi BBC yakoze, itangazo RURA yashize ahagaragara rikavuga

''cyane cyane ku bijyanye no guhakana no gupfobya jenoside yakorewe Abatutsi, kubiba amacakubiri n’urwangano mu Banyarwanda''

Yavuze ko babishikirije inzego z'iperereza kugira zibandanye kubitohoza zirabe niba bikenewe ko bijanwa nu nzego z'ubutungane.

BBC yavuze ko ikiganiro caciye kuri BBC2 ata makosa cari gifise muri ayo RURA iyagiriza.