Igisirikare ca Nigeria civunye igitero ca Boko Haram

Bwana Buhari yavuze ko azohangana na Boko Haram bimwe bikomeye Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Bwana Buhari yavuze ko azohangana na Boko Haram bimwe bikomeye

Igisirikare ca Nigeria casubije inyuma igitero mu muji wa Maiduguri uri mu buraruko bw'igihugu.

Bivugwa ko abo barwanyi barashe ibisasu vya rocket muri uwo muji.

Mw'ijambo yashikirije ejo arahirira amabanga yo kurongora Nigeria, umukuru w'igihugu Muhammadu Buhari yavuze ko azoshira ibiro vya gisirikare i Maiduguru bijejwe kurwanya Boko Haram.

Igisirikare ca Nigeria gifashijwe n'ibihugu bibanyi, kiramaze kunesha Boko Haram mu bice bitari bike, yirukanwa mu miji myinshi.

Bwana Buhari yavuze ko azohangana bikomeye na Boko Haram.