Amatora mu Burundi ngo yigizwe inyuma indwi 6

Prezida Pierre Nkurunziza ntiyitavye iyi nama, mu gihe yahatswe gukurwa ku butegetsi ku nguvu aho yitaba iyiheruka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza ntiyitavye iyi nama, mu gihe yahatswe gukurwa ku butegetsi ku nguvu aho yitaba iyiheruka

Abakuru b'akarere basavye ko amatora mu Burundi yigizwa inyuma ikiringo c'indwi nka zitandatu, akaguma nako kagahagarara.

Ibi vyagaragaye mu rwandiko rwasohowe nyuma y'inama y'ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko yabera i Dar es Salaam muri Tanzania.

Kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza mu kiringo kigira gatatu vyateje imyiyerekano imaze igihe kirenga ukwezi.

Bwana Nkurunziza ntiyitavye iyi nama y'i Dar es Salaam, mu gihe umugwi w'abasirikare bashatse kumukura ku butegetsi igihe yitaba inama nk'iyi mu ntango z'uku kwezi.