Afrika y'epfo ngo yoba yaratanze igiturire muri FIFA

Afrika y'epfo yagirizwa gutanga imiriyoni 10 z'amadolari kugira ihabwe igikombe c'isi co mu 2010 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Afrika y'epfo yagirizwa gutanga imiriyoni 10 z'amadolari kugira ihabwe igikombe c'isi co mu 2010

Ibinyamakuru vyo muri Afrika y'epfo bitangaza ko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu ryatanze imiriyoni cumi.

Ngo ayo mahera yahawe ishirahamwe rirongowe na Jack Warner, umwe mu bantu begwa n'ivyagiriji vy'igiturire muri FIFA.

Abashinjacaha muri Amerika bavuga ko ayo mahera yari igiturire kugira ashigikire Afrika y'epfo ihabwe kwakira igikombe c'isi co mu 2010.

Ariko umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika y'epfo, Danny Jordaan, yarabihakanye.