Burundi: Agahenge mu murwa mukuru wa Bujumbura

Agahenge i Bujumbura Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Agahenge i Bujumbura

Mu Burundi, kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura ubizima bwasubiye kuba ukuri kwamye , inyuma y indwi zirenga zitatu mu ma quartiers amwe amwe y igisagara ca Bujumbura haba imyiyerekano yabiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza.

Mu ma karitiye atandukanye mu gisagara ca Bujumbura aho twaciye nka hose hari hatekanye.

Nko muri commune Cibitoke mu buraruko bw igisagara , igihe twahashika igihe c, isaha umunani , kw ibarabara rikuru ritwa RN9 rica ku Mutakura imiduga yunguruza abantu yariko irakora ukuri kwamye, inyuma y'ukwezi idashobora kurengana. Amazu badandarizamwo amwe amwe yari yuguruye eka n' abandandaza imboga n ivyamwa ku ma meza hirya no hino y iryo barabara bariko barakora.

Mu ma komine ari hagati mu gisagara ca Bujumbura naho nyene hari hatekanye . muri komine Nyakabiga amabara yari yuguruye ariko nta ruja n uruza rw 'abantu n imiduga rw ibonekeza . mu gisagara hagati hari uruja n uruza rw imiduga nk uko bisanwe, n amabanki yose yakoze , n amaduka ari hirya no hino yahazo isoko rikuru rya bujumbura yaramaze igihe yugaye uyu munsi yari yuguruye. Hakaba hibonekeza n'igitigiri kini c 'abapolidsi mu gisagra hagati

no mu buraruko bw igisagara ca Bujumbura vyari nkuko , muri komine Musaga ama boutiques yari yuguruye n isoko rikaba ryaremye , hakaba hibonekeza uturwi tw'abantu bagizwe ahanini n abakiri bato bicaye mu tugwi ku mabarabara.

Ntivyari bimenyerewe ko abatunganya imyiyerekano batanga agahengwe ku munsi wa mbere, abo bayitunganije bavuga ko bashimye guhagarika imyiyerekano kuri uyu wa mbere ngo kubera ko mu mpera z iyyndwi iheze imyiyerekano yabandanije.

Imyiyerekano y abiyamiriza ikiringo ca gatatu ca prezida nkurunziza yatanguye mu mpera zukwezi kwa kane, inyuma yaho umugambwe uri kubutegetsi CNDD umenyehereje ko ushize imbere prezida nkurunziza mu kibanza c umukru w igihugu.

Abantu bashika kuri 30 o ibiri baramaze gusiga ubuzima n'abarenga 300 bamaze kuhakomerekera.