Burundi: Amatora yo kuwa gatanu ntakibaye

Amatora mu Burundi
Image caption Amatora mu Burundi

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu mu Burundi, Willy Nyamitwe, abwiye BBC ko amatora yarategekanijwe kuri uyu wa gatanu atakibaye kubera ingingo yafashwe n'abakuru b'ibihugu byo mu karere mu nama bagiriye i Dar el Salaam kw'itariki 31 z'ukwa 5 mu 2015.

Abo bakuru b'ibihugu basabye ko ayo matora yakwigizwa inyuma yo ibyumweru 6.

Leta y'u Burundi rero iravugako yumvise iyo mpanuro kandi ko ubu akanama gashinzwe amatora karimo kwiga uko icyo cyifuzo cyashyirwa mu bikorwa hisunzwe itegeko rigenga amatora, itegeko nshinga ry'u Burundi n'andi mategeko.

Ako kanama gashinzwe amatora kakazashyiraho iyindi tariki amatora y'abashingamateka n'abajyanama b'amakomini azaberaho.

Ayo matora yagombaga kuba kw'itariki 26 z'ukwezi gushize kwa 5, yimurirwa kw'itariki 5 z'uku kwezi kwa 6 none yongeye gusubizwa inyumaho ukwezi n'igice.

Image caption Kwiyamamaza

Mbe abatogwa ni bangahe? Batogwa gute? Baturuka he?

Amatora y'abashingamateka.

Mu matora y'abashingamateka intebe zihiganigwa ni 100 mu gihugu cose. Abarekuriwe kuja muri iryo higanwa n'imigambwe, inani z'imigambwe hamwe n'abigenga. Intara yose irafise igitigiri c'abashingamateka barekuriwe kuyitogwamwo. Mu kumenya ico gitigiri, intambwe ya mbere, ufata igitigiri c'abantu bose bitavye amatora mu gihugu ukakigabura n'igitigiri c'intebe zitegekanijwe mu gihugu, n'ukuvuga 100. Aho uba uronse igitigiri gifasha kugabangana intebe bita "Quotient electoral" mu rurimi rw'igifaransa.

Ku ntambwe ya kabiri: mu kumenya intebe zegukira umugwi kanaka waba umugambwe, urunani rw'imigambwe canke uwigenga, uca ufata amajwi uwo mugwi waronse mu ntara ukawugabura niyo "Quotient electoral" ukabona kuronka intebe uwo mugwi uzohabwa.

Ku bijanye n'amatora, mwomenya ko hatogwa intonde "listes" z'imigambwe, inani z'imigambwe canke z'abigenga. Umugwi umwumwe uba ufise urutonde rw'abantu 15 bafise abobasubirira igihe hoba habaye ingorane runaka. Abo bantu bategerezwa gutogwa mu moko no mu bitsina, bisigura ko hategerezwa kuba urutonde rw'abahutu 15 n'urutonde rw'abatusti 15. Ku bantu bane hategerezwa kuba harimwo umukenyezxi umwe.

Amatora y'abajenama ba Komine

Abajenama ba Komine batogwa muri komine nyene. Mw'ikomine imwimwe hatogwa abajenama 15, bagatogwa kurya nyene abashingamateka batogwa. Hafatwa igitigiri c'abantu bose bitavye amatora mw'ikomine kikagabugwa n'intebe 15, ikivuyemwo kikaba arico kigabugwa n'amajwi umugwi ariwo mugambwe, urunani rw'umugambwe canke abigenga baronse mu kurondera intebe umugwi umwumwe wegukana. Mu gutora naho nyene hatogwa umugambwe canke urunani canke uwigenga. Mu gutanga izo ntebe naho nyene hakurikizwa ubwoko n'igitsina nka kurya kwo mu matora y'abashingamateka.Haba mu matora y'abashingamateka canke mu y'abajenama, igitigiri c'inani z'imigambwe canke c'abigenga kiruguruye bisigura ko ata gitigiri ntabanduka kibaho.

Ivyo mukwiye kumenya.

Ibwirizwa shingiro canke itegeko rigenga amatora ntiritanga ikiringo ivyavuye mu matora vyoshikiririzwako. Uretse amatora y'umukuru w'igihugu asaba k'uwiyamamaza iruhande y'umugambwe akomokamwo ashobora kubikora ku giti ciwe, mu yandi matora aba ay'abashingamateka, abajenama ba komine canke abakenguzamateka hiyamamaza imigambwe.Intara z'amatora zihuriranye n'intara zigize igihugu , igisagara ca Bujumbura na co nyene kigafatwa nk'intara.