Burundi: Umuhuza Djinnit arakemangwa

Said Djinnit Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Said Djinnit

Abatavuga rumwe na leta y'u Burundi baravuga ko batewe amakenga n'uburyo intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k'ibiyaga bigari, Said Djinnit, umaze igihe ahuza impande zitumvikana mu Burundi, yitwaye mu nama y'abakuru b'ibihugu iheruka kubera i Dar el Salaam.

Umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi, Frederic Bamvuginyumvira wo muri Sahwanya Frodebu, yabwiye BBC ko Said Djinnit yatanze icyegeranyo atabamenyesheje kandi bo batari batumiwe mu nama iheruka kubera muri Tanzania kw'itariki 31 z'ukwezi kwa 5 mu 2015.

Abatavuga rumwe na leta ngo bari bamusabye kugeza ku bakuru b'ibihugu ikibazo cy'ikiringo cya 3 cya Prezida Petero Nkurunziza ariko ngo nta nicyo bakivuzeho mw'itangazo basohoye.

Kubwa Bamvuginyumvira ngo Said Djinnit arahengamye kuko atasabye muri iyo nama ko uruhande rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi narwo rwaserukirwa muri iyo nama kandi ariwe ubabereye umuhuza.

Bityo rero bagasaba umuryango w'abibumbye kumusimbura.

Bamvuganyimvira akavuga ko kuva iyo nama irangiye nta bindi biganiro byari byongera kuba hagati yabo na leta hamwe n'ishyaka riri k'ubutegetsi.

Ishyaka riri k'ubutegetsi CNDD FDD ariko ryo ryabeshyuze ayo makuru, rivuga ko ahubwo ryo ryakomeje kwamiriza uwo muhuza ko ahengamiye ku ruhande rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Umuvugizi wa CNDD FDD, bwana Gelase Ndabirabe yabwiye BBC ko batangajwe n'iryo tangazo ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, ngo kuko bo nka CNDD FDD bakunda kwereka umuhuza Said Djinnit ko abasaba kwemera ibyo urundi ruhande rusaba ariko bo ntacyo abasaba kwemera, na cyane cyane nko guhagarika imyiyerekano.

Bwana Gelase Ndabirabe aravuga ko uko ari ukwitoza utunyoni kugirango batakaze umwanya ngo kuko badashaka ko haba amatora.

Kubwa Ndabirabe, nubwo umunyamabanga mukuru wa ONU yakwohereza undi muhuza, ibyo ngo sibyo biraje inshinga abatavuga rumwe n'ubutegetsi, bo icyo bimirije gusa ngo n'ugusunika igihe kugirango harengane itariki inzego z'igihugu zigomba kuba zatowe maze babone uko basaba ubutegetsi bw'imfatakibanza.

Gelase aravuga ko abo batavuga rumwe na leta bamaze guhinduka nka bimwe bya G7 na G8 byo mu mishyikirano y'i Arusha, ngo babonye iby'ikiringo cy'imfatakibanza bidakunze bafite imigambi yo kwongera gukoresha ingufu.