Mo Farah ngo azogumana Salazar

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umumenyereza Alberto Salazar aregwa gukoresha ivyongera inguvu ku banonotsi

Farah n'abandi banonotsi bo mu Bwongereza, bavuga ko ata makenga bafise yo gukorana nawe.

N'ubwa mbere Mo Farah avuze kuva ibirego ku mumenyereza wiwe Alberto Salazar kw'ikoreshwa ry'imiti itemewe yongereza inguvu ku banonotsi bigiye ahabona.

Farah yavuze ko yasavye insiguro umumenyereza wiwe kuri ivyo birego mu kiganiro bagiranye kuri terefone ku munsi wa gatanu.

Avuga ko Salazar yamwijeje ko ibirego yavuzweko mu kiganiro ca BBC Panorama, ngo azomwereka ko atari vyo.