Papa Francis yageze muri Sarajevo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa ageze sarajevo

Asomera imisa mu kibuga kiri mu muji wa Sarajevo, ateko ahure n'abaserukira amadini ane amaze imyaka amajana abana muri Bosnia.

N'ukuvuga abaserukira aba Islamu, aba kirisu b'aba Orthodox, aba katolika hamwe n'Abayahudi.

Inyuma y'imyaka miringo ibiri intambara hagati y'abavukagihugu ba Bosnia irangiye, n'ubu baracafise ibibazo vy'amacakubiri afatiye ku madini n'amoko.

Abantu hafi 100 000, abenshi baturutse muri Croatia harwiriye aba Katolika, vyitezwe ko baja kwakira Papa Francis.