Impapuro zigaragaza ruswa muri FIFA

Image caption Impapuro z'ikoreshwa ry'amahera ya FIFA

Ayo mafaranga yari agenewe gukoreshwa mu mugambi wari ushgikiwe n'abanya Afrika y'epfo baba mu mahanga mu mazinga ya Caraibbes.

Ariko impapuro BBC yabonye zerekana ko bwana Warner yayatoye, amwe akayariha amadeni yiwe bwite, ayandi agacishwa mu buryo butandukanye.

Hafi igice c'ayo mafaranga yarishwe aciye mu mangazini yo muri Trinidad, mu gihugu kwa bwana Warner.

Abashikirazamanza bo muri leta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko ayo mafaranga yaciye ashikirizwa Jack Warner mu mafaranga y'igihugu.

Ayandi agera kuri miliyoni imwe n'ibihumbi 600 yarishwe amadeni Jack Warner yari asanganywe.

Ayandi ngo yaciye mu minwe y'abantu batandukanye bo mu ncuti za Jack Warner.

Ayo mafaranga ariko akorwako itohoza na FBI, akaba ari amwe mu bibazo vya ruswa bivurwa mu rwego nyobozi rw'umupira w'amaguru kw'isi.

Jack Warner arahakana ivyo aregwa vyose.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mbeki na Blatter ngo bari bumvikanye kw'tangwa rya $ 10 000 000

Ubutumwa bwarungitswe biciye kuri internet canke e-mail buri mu minwe y'ikinyamakuru co muri Afrika y' epfo ndetse na BBC yabonye, bugaragaza ibindi bimenyetso.

Ubwo butumwa bwerekana ko uwahoze ari umukuru wa Afrika y'epfo Thabo Mbeki n'umukuru wa FIFA Sepp Blatter bumvikanye kw'itangwa rya miliyoni 10 z'ama dollars.

Abashikirizamanza bo muri Afrika y' epfo bemeza ko ayo mafaranga yari igiturire Afrika y'epfo yatanze kugira ironke uburenganzira bwo kwakira inkino z'igikombe c'isi co mu 2010.

Muri ubwo butumwa, umunyamabanga mukuru wa FIFA Jerome Valke yandikiye umushikiranganji wo muri Afrika y'epfo amubaza igihe ayo mafaranga azotangwa, anemeza ko Blatter na Mbeki bamaze kumvikana kuri ico kibazo.

Leta ya Afrika y'epfo ikomeza guhakana ko harimwo ruswa, ikemeza ko ayo mafaranga yari ayo gutez'imbere umupira w'amaguru muri Caraibbes.