Ikibazo c'Uburusiya mu nama y'ibihangange G7

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abari mu nama ya G7

Mw'ijambo yatanze ribanziriza iyo nama yabereye mu bumanuko bw'Ubudagi, perezida Obama yasavye abategetsi b'isi bagenzi we guhagurukira ico yise agasomborotso k'Uburusiya kuri Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yavuze ko yizeye kw'abo mw'ishirahamwe rya Bulaya bazokumvikana kongera ikiringo c'ibihano vyafatiwe Uburusiya kizohera mu kwezi kuza.

Umukuru w'inama y'ishirahamwe rya Bulaya Donald Tusk yavuze ko ivyo bihano bishobora gukazwa.

Muri iyo nama mu bisanzwe n'Uburusiya bwahora butumirwa, hazoshikirizwa n'umugambi watanzwe n'Ubudagi wo kwihweza uburyo bokwitegurira kurwanya ibiza nka Ebola.

Ubudagi kandi buzovuga ku kibazo co gufasha ibihugu biriko biratera imbere guhangana n'ihindagurika ry'ibihe.