Turkiya mu matora

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Turkiya-amatora

Kuronka ayo majwi bishobora gutuma umugambwe uri ku butegetsi usaba ko ibwirizwa nshingiro rihinduka, Turkiya igahinduka Repubulika.

Umugambwe AK wa Recep Tayyup Erdogan wakomeje kwihariza itsinzi mu matora yose yabaye kuva mu 2002, ariko bwana Erdogan aragugwa ko yagiye yihariza ubutegetsi.

Hamwe umugambwe HDP ushigikiwe n'aba Kurdes worenza 10% ukaja mu nama nshingamateka ubwa mbere, bishobora gutuma umugambwe uri ku butegetsi udakwiza 2/3 bikenewe urondera.