CENI yashikirije amatariki y'amatora mu Burundi

CENI ishaka ko amatora y'umukuru w'u Burundi yoba itariki 15/07/2015 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption CENI ishaka ko amatora y'umukuru w'u Burundi yoba itariki 15/07/2015

Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe amatora mu Burundi washikirije amatariki wibaza ko amatora ashobora kuberako mu Burundi.

CENI ivuga ko amatora y'abajenama b'amakomine n'abashingamateka yoba itariki 26 z'ukwa gatandatu 2015, ay'umukuru w'igihugu itariki 15 z'ukw'indwi 2015; ay'abakenguzamateka nayo akaba itariki 24 z'ukw'indwi 2015.

Aya matariki ariko agomba kubanza gushimwa n'abatavuga rumwe na leta y'u Burundi.

Hagati aho umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Edouard Nduwimana, yashikirije ingingo zigamije kugarukana umwuka wa politike wotuma amatora aba mu mutekano kandi akizerwa.

Muri izo ngingo harimwo izasabwe n'inama y'abakuru b'akarere ka Afrika y'ubuseruko, nko kwaka ibirwanisho imigwi y'urwaruka yegamiye ku migambwe.

Leta yashizeko umugwi ujejwe kwaka ivyo birwanisho, ukaba wahawe indwi zibiri ngo bibe vyashizwe mu bikorwa.

Muri izo ngingo kandi harimwo iy'uko imigambwe itavuga rume na leta yotanga amazina abiri y'abazosubirira abakomiseri babiri bavuye mu mugwi CENI.

Harimwo kandi gufuta imitahe yo gufata abateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza, ariko ngo iyo myiyerekano nayo igaca ihagarikwa.