Mu Burundi abatavuga rumwe na leta ntibashima umuhuza

Pierre Claver Mbonimpa avuga ko uwo muhuza niyaza nk'umuhuza bazomwitaba Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Pierre Claver Mbonimpa avuga ko uwo muhuza niyaza nk'umuhuza bazomwitaba

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike avuga ko atishimiye umuhuza wa ONU mu biganiro vyo kurondera gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi muri iki gihe.

Said Djinnit ari mu Burundi kuva mu ntango z'ukwezi kwa gatanu aho agerageza guhuza impande za leta, umugambwe uri ku butegetsi n'abatavuga rumwe nawo n'abo badaharanira inyungu za politike.

Mw'itangazo basohoye, abo muri ayo mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bavuga ivyo badashima mu buryo uwo muhuza ariko arakora ico gikorwa.

Uwurongoye ishirahamwe riharanira agateka k'impfungwa, APRODH, Pierre Claver Mbonimpa, ariko avuga ko uwo muhuza batamwanse rwose, ngo aje agakora nk'umuhuza ngo bokwemera bakaganira.