Leta y'u Burundi ivuga ko Nkurunziza ategerezwa kwitoza

Leta y'u Burundi ivuga ko Prezida Pierre Nkurunziza atazova ku mugambi wo kwitoza Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Leta y'u Burundi ivuga ko Prezida Pierre Nkurunziza atazova ku mugambi wo kwitoza

Leta y'u Burundi yashimangiye ko Prezida Pierre Nkurunziza atazokuramwo akarenge, naho hamaze ukwezi kurenga hari imyiyerekano yo kumwiyamiriza.

Umuvugizi wa leta yavuze ko ingingo ya bwana Nkurunziza yo kwitoza mu kiringo kigira gatatu idashobora kuganirwako, ngo kandi amatora ategekanijwe hagati mu kwezi kw'indwi atazosubira kwigizwa inyuma.

Kare abatavuga rumwe na leta banse ikirangaminsi c'amatora cashikirijwe ejo n'umugwi wigenga ujejwe amatora, CENI, bakavuga ko ata bubasha ubufitiye mu gihe abawugize badakwiye.