Inkende zagaragaye ziri kunywa inzoga iva mu bigazi

Abahinga basanze inkene zikunda akayoga nk'abantu
Image caption Abahinga basanze inkene zikunda akayoga nk'abantu

Inkende zimaze kwerekana ko zumva indimi, zitegera ibijanye no kutarenganya abandi, none ubu naho ibi bikoko vyegeranye cane n'abantu ku kuntu biremye, vyerekanye ko bikunda akayoga nka bo.

Abahinga biga ku buzima bw'inkende mu gihugu ca Guinee babonye ibimenyetso vyerekana ko zinywa ibinyobwa bisembuye kenshi.

Icigwa camaze imyaka cumi nd'indwi, cabonye inkende zikoresha amababi mu kunywa inzoga y'ibigazi.

Zimwe zanyoye inzoga ikwiye ku buryo zerekana ibimenyetso vy'agahimbo.

Ico cigwa casohowe mu kinyamakuru Roya Society Open Science, vyerekenye ko izo nkende zihitamwo kunywa inzoga y'ibigazi.

Zinywa inzoga zivye

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibiti vy'ibigazi bivamwo amazi acika inzoga isha yo nyene

Mu karere ka Bossou muri Guinee, ahakorewe ubu bushakashatsi, bame mu banyagihugu aho bakora inzoga mu biti vy'ibigazi mu gutega amazi yavyo hejuru mu giti agakorokera mu dukono twa plastique, bakadutora mu gitondo no ku mugoroba.

Abashakashatsi bakora muri ako karere bari bamaze kubona inkende zurira ivyo biti, kenshi ziri mu migwi, zikanywa iyo nzoga y'ibigazi isha yo nyene.

Izo nkende zikoresha amababi zazingazinze mu kunywa iyo nzoga, zikaza zirakozamwo zikanunuza.

Kugira bamenye inzoga ivyo bikoko binywa uko ingana, abahinga bapimye alcolo iri muri yo baca bafata amasanamu y'izo nkende ziriko zirakamagira.

Umugwi w'abashakashatsi urongowe na Dr Kimberley Hockings wo kuri kaminuza ya Oxford Brookes akanakora mu kigo c'ubushakashatsi muri Portugal, basanze iyo nzoga irimwo alcolo ishika ku bice 3%.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ni ubwa mbere abahinga bemeza ko inkende zinywa inzoga

Yagize ati: "Zimwe muri izo nkende zinywa inzoga ingana na ml 85, ikaba ija kungana n'icupa ry'umuvinyu.

"Zica zerekana ibimenyetso vy'umuntu yasomye akayoga, harimwo guca zisinzira nyuma yo kunywa.

"Ahandi naho, nyuma yo kunywa inzoga y'ikigazi, imwe mu nkende zikuze yasa n'iyidashaka kuguma hamwe.

"Mu gihe izindi nkende zaca zirondera aho zikika umusaya, yoyo yaza irava ku biti isimbira ku bindi isa n'iyabuze amahoro."

Inkuru z'inkende canke ibindi bikoko vyo muri ubwo bwoko binywa inzoga zari zimaze kuvugwa, ariko bubaye ubwa mbere abahinga bavyemeza, mu gufata amasanamu hamwe no kumenya inzoga inkende zinywa uko ingana.