Mu Burundi imyiyerekano ''itumwa n'abamenyeshamakuru'':leta

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abari mu myiyerekano ku Mutakura bari bafise igikona

Abari mu myiyerekano yo kwiyammiriza ikiringo ca 3 c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza, ku wa kane isaha 6 n’igice bavugije amafirimbi iminota icumi.

Aharanzwe imyiyerekeno ni ku Musaga no ku Mutakura.

Ariko mu Ngagara n’aho ata myiyerekano yaharanzwe haturiwe umuduga. Ku Musaga naho haraturirwa ipikipiki.

Haba aho ku Mutakura, haba ku Musaga ayo mafirimbi yagiye gucureha abaporisi barashe hejuru. Abari mur’iyo myiyerekano baciye bayanyaga.

Aho ku Mutakura nya rwaruka rwari rufise igikona rwafashe. Ngo ''urubuze inkona ruvumbukana igikona'', inkona ikaba iri mu bimenyetso vy’umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd.

N'ubwo iyo myiyerekano ivugwa muri ivyo bice bimwe bimwe vy'igisagara ca Bujumnura, itangazo ry'ubushikiranganji bujejwe umutekanoi mu gihugu rivuga ko umutekano ukwiye mu gihugu cose.

No mu gisagara ca Bujumbura ngo nta myiyerekano ikiharangwa.

Itangazo rivuga hasigaye utugwi dukokwa n'abamenyeshamakuru na cane cane bo hanze kugira tugire imyiyerekano nabo bifatire amasanamu.

Ku bwa Innocent Muhozi arongoye urwego rwo guhanurana hagati y'abamenyeshamakuru n'iradio-television Renaissance, ''hari abantu boja mw'ibarabara baraswa kurya baraswa, baterwa lacrymogene nka zirya baterwa...kugira banezereze abamenyeshamakuru?''

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ko prezida Pierre Nkurunziza arondera ikiringo ca gatatu yatanguye mu mpera z'ukwezi kwa kane.

Umuryango utabara imbabare Croix Rouge umenyesha ko kuva imyiyerekano itanguye kuwa 26 z’ukwa 4 hamaze gupfa abantu 24, abandi 590 barakomereka.