Burundi:umuhuza wa ONU yatanze imihoho

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Said Djinnit

Itangazo ryasohoye n'ibiro vya ONU mu Burundi rivuga ko Said Djinnit yafashe ''nka nkama ivyashikirikwe, mu minsi iheze, ku ruhara rwiwe rw'umuhuza, n'abaserukira impande zimwe'' mu zari muri ivyo biganiro.

Imigambwe itavuga rumwe na leta hamwe n'amashirahamwe atarondera inyungu za politike yari yagirije said Djinnit guhengamira ku ruhande rwa leta no kuterekana intunmbero ivyo biganiro vyari bifise.

Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu bihugu vy'ibiyaga binini ''yashigikiye ikiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza'' mu nama y'abakuru b'ibihugu bo mu karere yabareye i Dar es Salaam ku wa 31/05/2015 nk'uko bivugwa na Pierre Claver Mbonimpa wo mu mashirahamwe adaharanmira inyungu za politike mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango.

Iryo tangazo ryasohotse Said Djinnit ahejeje kubonana n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, rivuga ko impande zompi mu buganiro zagumye aho zihagaze mu kudahuza ku kibazo cerekaye ikiringo ca gatatu.

Ariko rivuga ko ivyo biganiro vyari vyagize intambwe ku bindi bibazo bine vyariko birigwa harimwo: ingingo zo kugarura icuka ciza n'ivyo uruhande rumwe rumwe rutegerezwa gukora; ikibazo c'ikirangaminsi c'amatora;ibikenewe kugira habe amatora yisanzuye, abereye ku mugaragaro, arimwo bose kandi abaye mu mahoro;n'uburenganzira ngenderwako abantu bemerewe n'ibwirizwa nshingiro.

Said Djinnit atanze imhoho mu gihe ONU yaheruka kumushigikira muri urwo ruhara rwo gufasha abarundiu kuganira, mbere n'ishirahamwe rya Bulaya rikaba ryari ryasavye abatavuga rumwe na leta kwitaba igikorwa ciwe.

Mu kiganiro yahaye BBC, umuvugizi w'ibiro vya ONU mu Burundi Vladmir Monteiro ntiyavuze niba ONU igiye kugena uwundi muhuza.

Ahubwo avuga ko nk'intumwa idasanzwe mu bihugu vy'ibiyaga binini, Said Djinnit azobandanya akurikirana ibiriko biraba mu Burundi.

Kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane mu Burundi na cane cane ku murwa mukuru Bujumbura harangwa uruhagarara rw'imyiyerekano y'abadashaka ko presida Pierre Nkurunziza yitoza ubugira gatatu n'abapolisi babatesha kuyikora.Abantu barenga 20 baramze kwicwa, abandi benshi barakomereka hamwe, amajana nabo barafashwe barpfungwa.

Amatora yari gutangura mu kwezi kwa gatanu amazer gusiba kabiri.