Sentare muri Kenya yahakanye ko amashirahamwe yitwa ay'iterabwoba

Image caption Abakora muri ayo mashirahamwe barahakana kuba hari isano bafitaniye n'ibikorwa vy'iterabwoba

Sentare muri Kenya yanse ingingo ya leta yo kuvuga ko amashirahamwe abiri ategamiye leta akomeye akora iterabwoba.

Lleta yagirije Haki Africa na Muslims for Human Rights ko afise imigenderanire n'umuhari w'intagondwa z'aba Islam wa al-Shabab.

Ayo mashirahamwe arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko ico akora ari uguharanira ko abafashwe bagirizwa iterabwoba bakurikiranwa hisunzwe amategeko.

N'ubwo yatsinze urwo rubanza, ayo mashirahamwe ntiyugururiwe ama konte, nk'uko yari yabisavye.

Sentare nkuru mu gisagara ca Mombasa kiri ku nkengera z'ibahari yavuze ko ayo mashirahamwe yananiwe no kwerekana uruhara rw'abagenzura ikoreshwa ry'amafaranga muri urwo rubanza.

Umukuru wa Haki Africa Khalid Hussein yavuze ko urwo rubanza rurura rugasosa.

Mu kwezi guheze ama konte ya Haki Africa na Muslims for Human Rights(MHR) zugawe ku mategeko ya banki nkuru n'umugwi wo kugenzura ikoreshwa ry'amafaranga.

Ayo mashirahamwe yagirije abakozi b'inzego zijejwe umutekano kuba aribo bari inyuma y'iyicwa riherutse kuba ry'abigisha benshi b'ivyiyumviro bikaze vya Islam mu gisagara ca Mombasa.

Abategetsi ba Kenya barahakana kugira uruhara.

Mu kwezi kwa 12 leta ya Kenya yakuye ku rutonde rw'ayemerewe gukora amashirahamwe 510 harimwo 15 akekwa kuba afitaniye n'imigenderanire n'iterabwoba.

al-Shabab ishingiye muri Somalia, ariko yarakotse abagwanyi muri Kenya kandi imaze kugaba ibitero muri ico gihugu.