Uwuharanira agateka k'abirabura abesha kuba we

Dolezal ngo avuga ko afise amaraso y'abirabura, abavyeyi biwe bakabihakana
Image caption Dolezal ngo avuga ko afise amaraso y'abirabura, abavyeyi biwe bakabihakana

Abavyeyi b'umugore aharanira agateka k'abirabura muri leta zunze ubumwe za Amerika, bavuga ko amaze imyaka myinshi abesha ko ari umwirabura.

Rachel Dolezal akorera ishirahamwe ryitwa NAACP i Spokane, ku birometero hafi amajana ane vy'umuji wa Seattle mu buraruko bushira uburengero bwa Amerika.

Nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru The Spokesman-Review, Dolezal yavuze ko avanzemwo umuzungu, umwirabura hamwe n'umuhindi w'umunye Amerika, ku rupapuro yasabiyeko akazi mu kwa mbere.

Urwo rupapuro ubu ruriko ruragirwako amatohoza.

Nyina na se ba Dolezal, abazungu bitwa Ruthanne na Lawrence Dolezal, bavuga ko ari umukobwa wabo wo munda.

Rachel Dolezal avuga ko amaze guhohoterwa akatari gake i Spokane hamwe n'i Coeur D'Alene ngo ariko igipolisi nta na kimwe kirabikorako.

Uwo mugore w'imyaka 37, yigisha igihe c'umwanya muto inyigisho zerekeye Afrika kuri kaminuza ya Eastern Washington, anavuga ko afise abahungu babiri b'abirabura.

Ariko abavyeyi biwe bavuga ko umwe muri abo bahungu yitwa Izaia ari uwo bareze, akaba ari umwe mu bana bane b'abirabura bareze.